ICO News

Burkina Faso: Abagore n'abana bari banyurujwe batabawe – BBC


Abagore n'abana bafotowe mu mugongo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y’isanamu,

Imboneshakure y’igihugu yerekanye amashusho y’abo bagore n’abana ku wa gatanu ku mugoroba

Inzego zijejwe umutekano muri Burkina Faso  zatabaye abagore n’abana 66  bari banyurujwe n’abikekwa ko ari abagwanyi biyitirira idini rya Islam mu buraruko bw’ico gihugu ku ndwi iheze, nk’uko bivugwa n’imboneshakure y’igihugu.

Mw’inyuruzwa ry’abantu benshi icarimwe ritari bwabe gushika aho, abahuye n’ivyo vyago bafashwe bariko barasenya inkwi mu karere karembejwe n’abo bagwanyi.

Batowe muri bus kuri bariyeri y’abajejwe umutekano ku 200km mu bumanuko bw’aho bafatiwe, nk’uko amakuru avuga.

Ntibiramenyekana niba abari babatwaye nabo bafashwe.



READ SOURCE

This website uses cookies. By continuing to use this site, you accept our use of cookies.