Ahavuye isanamu, BELYSE ININAHAZWE
Belyse Ininahazwe amaze imyaka indwi akora akazi ko kumenyereza imigwi.
- Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
- Igikorwa, BBC GAHUZA
Belyse Ininahazwe abaye umugore wa mbere agenywe kumenyereza umugwi w’abagabo uri mu cicaro ca mbere mu Burundi no mu karere.
Uwo mugore w’imyaka 35 agiye kuba umumenyereza w’umugwi wa Inter Star mu kiringo c’umwaka.
Belyse avuga ko na we nyene bisa n’ivyamutangaje.
Agira ati: “Kuba bahisemwo umuntu w’umukenyezi ngo abe umumenyereza wabo, s’ikintu gito, n’ikintu kinini, nanje cari cangoye gutahura, ariko ndabashimiye kuba banyizeye kandi hasanzwe hari abagabo benshi b’abamenyereza.”
Uwo mugore afise umwana umwe avuga ko yatanguye gukunda umupira w’amaguru kuva akiri muto, kuko ngo avukana n’abahungu benshi gusumba abakobwa.
Belyse agira ati:” Umupira w’amaguru narawukunda gose kuko navukiye mu muryango urimwo abahungu benshi gusumba abakobwa. Nkiri muto niga muri ‘primaire’ wasanga turiko turakina umupira mu mabarabara, gushika aho ndonka umugwi nkinamwo.”
Yakiniye umugwi wa La Colombe kuva mu 2002 gushika mu 2016, atwara ibikombe bitandatu vy’ihiganwa ry’abagore ku rwego rw’igihugu.
Igikombe ca nyuma yatwaye nk’umukinyi ni ico mu 2015 mu kwezi kwa kane.
Belyse Ininahazwe yakina inyuma.
Kuva ico gihe yaciye atangura akazi ko kumenyereza imigwi.
Umupfasoni nk’umumenyereza mu cicaro ca mbere
Belyse Ininahazwe amaze imyaka indwi akora akazi ko kumenyereza imigwi.
Umwanya munini yawumaze mu mugwi wa La Colombe yahoze akinira.
Agiye muri Inter Star avuye mw’ishure ryigisha umupira w’amaguru ryitwa ‘Academie La Pepinere’ rifise umugwi uri mu cicaro ca gatatu.
Uwo mugore avuga ko kumenyereza atari akazi koroshe.
Agira ati: “Akazi nk’aka ntikoroshe, kubera wama ku kibuga. Izuba n’imvura bikwamako. Uguma uhagaze, uri mu bantu benshi b’abagabo.
” Ico novuga, abakenyezi barashoboye gukora ubuzi abagabo bakora bivanye n’uko uba ubikunda kandi ubizi.
“N’abantu bagutera intege ntibabure kuko hari igihe uba ubikunda ariko bakaguca intege ugasanga urabihevye.
“Jewe nagize Imana kuko benshi baguma bampa ubutumwa bwo kuntera intege.”
Belyse avuga ko kuva atangura kwiga umwuga wo kumenyereza yigana n’abagabo gusa, ko rero ata bwoba bikimutera.
Abandanya avuga ko atari ubwa mbere amenyereje abahungu, ariko itandukaniro gusa rihari ari uko agiye kumenyereza umugwi wo mu cicaro ca mbere.
Ahavuye isanamu, BELYSE ININAHAZWE
N’akahe kabirya Inter Star yomwitegako
Belyse Ininahazwe avuga ko azaniye Inter Star ubumenyi afise, kandi ko intumbero yiwe nk’umumenyereza ari kuronka amanota yose uko ari atatu kuri buri rukino.
Agira ati: “Kubera nkeneye kuzoza ndaronka amanota atatu, ndazi ko ubu bitoroshe. Ni co gituma ntegerezwa kumenya uko nzoza ndakoresha ubumenyi bwanje .”
Abandanya avuga “nta gikombe bansavye, ariko kuri jewe ndashaka gukora kugira Inter Star igire ikibanza ciza.”
Nk’umumenyereza yipfuza gushika hehe?
Uwo mumenyereza mushasha wa Inter Star avuga ko atari yarigeze yibaza ko azoba umumenyereza.
Avuga ko yatanguye ari nko kurondera ico aba arakora kuko yari yahejeje amashure abura akazi, mu nyuma asanga yabikunze cane.
Belyse avuga ko habayemwo n’uruhara rw’abagenzi.
Ubu ngo yipfuza gushika kure.
Arakurikirana abandi bamenyereza.
Ati: “Ndakunda Guardiola, ndakunda philosophie ziwe, nkakunda uko Zinedine Zidane yicisha bugufi.
”Urumva nshaka gushika kure mu kazi nka Pep, nkicisha bugufi mu buzima nka Zidane”.
READ SOURCE